Banki Nkuru y'Igihugu c'Urwanda 🇷🇼
#cryptomonnaie !
Délégation idasanzwe ya Banki Nkuru y'Igihugu c'Urwanda (Central Bank of Rwanda) irongowe na Gouverneur wayo Soraya M. Hakuziyaremye yaragiranye ibiganiro bidasanzwe na Team ya Coinbase , Exchange y'amafaranga adafadika Cryptocurrency ikomeye cane kw'isi
Mur'uyu mubonano baganiriye obintu bikomeye bishingiye Ku mitungo idafadika turabibona musi.
Iyi délégation isanzwe yitabiriye inama iriko ibera Singapoure (12-14/11/2025) ya SFF2025(Singapore FinTech Festival): ya The global gathering of policy, finance and technology,
ku ncuro ya 10.
Ibiganiro vy'iyi nama ya SFF2025 vyari bishingiye kuri ibi:
- Ubwenge bw’ubukorano (AI),
- Gutanga agaciro k’ikoranabuhanga biciye mu matokeni (tokenization),
- Hamwe n’ubuhinga bwa mudasobwa za quantum (quantum computing), ndetse
- No mu bikorwa vy’ubufatanye mu butunzi buriko burahinduka bwa numérique:
𝐀𝐈, 𝐭𝐨𝐤𝐞𝐧𝐢𝐳𝐚𝐭𝐢𝐨𝐧 𝐚𝐧𝐝 𝐪𝐮𝐚𝐧𝐭𝐮𝐦 𝐜𝐨𝐦𝐩𝐮𝐭𝐢𝐧𝐠, as well as collaboration in the evolving digital economy.
Kabaye akaryo keza kuriyo délégation yari irongowe na Gouverneur wa Banki Nkuru y'Igihugu c'Urwanda🇷🇼 ko kugiranira ibiganiro na Team ya échangeur ya Coinbase.
Ivyo biganiro na Team ya Coinbase vyari bishingiye ahanini ku buryo stablecoins zokoreshwa muri Afrika, baraganiriye kandi kuvyo igihugu igihugu c'Urwanda kiriko kirakora mu gushiraho amategeko agenga imitungo idafadika ya numérique (virtual assets).
Nonese muvy'ukuri woba warigeze kwiyumvira ko ibi vyobayeho⁉️ Bisa nkaho biragoranye ariko uko biri kwose iyi nzira izorushirizaho kuryoha no kuryosha ibintu kuko murabibona ko Banki Nkuru y'Igihugu c'Urwanda 🇷🇼yatanguye guhura nama Echangeurs bakaganira kuri Cryptocurrencies
Kora follow suivre kur'iyi chaîne WhatsApp uronke informations nyinshi zijanye n'ubutunzi budafatika cryptomonnaie na Économie Numérique :
https://whatsapp.com/channel/0....029Vb4RiQGLCoX09tRPP